Murder and killing of survivors

Umuryangango wa Rwigara wemeza ko yishwe, ukanishinganisha

Madamu Rwigara

Photo umupfakazi wa Bwana Rwigara. Inkuru ya BBC, London

Umuryango w’umugwizatunga wo mu Rwanda, Assinapol Rwigara, uvuga ko uwo mugabo yishwe n’abantu bamuteye ibisu mu mutwe.

Uwo muryango uheruka kwandikira urwandiko umukuru w’igihugu c’u Rwanda, Paul Kagame, umusaba gukurikirana ivy’urupfu rw’umuvyeyi wawo ukuri kukaja ahabona.

Itariki zine z’ukwezi guheze niho igipolisi c’u Rwanda camenyesha ko Assinapol Rwigara, yahitanywe n’impanuka yo mw’ibarabara, aho umuduga yarimwo wagonzwe n’uwundi munini (camion).

Igipolisi mu nyuma caje no gufata umuntu kivuga ko ariwe yari atwaye iyo camion.

Ariko umuryango w’umuhisi Rwigara, uvuga ko ivyo ari ibinyoma ngo kuko wishikiye aho iyo “mpanuka” yari yabereye.

Umukobwa wa bwana Rwigara, Anne Rwigara, yabwiye BBC ko bashitse aho vyabareye basanga se akiri muzima.

Yagize ati: “Twagerageje kumwegera baratubuza, bakura umuduga wiwe mw’ibarabara akiwurimwo, twamukozeko twumva aracari muzima, ariko bamushira mw’isashe, tugerageza kubabuza bisa nk’ukurwana, ariko biranka.

“Twarabinginze ngo tumutware kwa muganga baranka, haza ambulance kumutabara banka ko ayijamwo, bamushira mw’isashe akiri muzima, bamutwara mu modoka yabo itagenewe gutwara indembe”.

Anne Rwigara yabandanije avuga ko bagerageje kubakurikira bashaka kubabuza, bamutwara kuri police ya Kacyiru aho ku mutwara kwa muganga kandi mu nzira hari ibitaro bibiri.

Anne agira kandi ati: “Twarabinginze nk’igihe c’isaha yose ngo bamuduhe tumutware muri urgence kwa Faisal, baranka”.

Kwishinganisha k’umukuru w’igihugu

Abajijwe igituma batabanje kwitura police, yavuze ko batari kuyizera mu gihe icegeranyo cayo kitavuga ukuri.

Leta y'u Rwanda ivuga ko abapolisi bayo ari abanyamwuga
Leta y’u Rwanda ivuga ko abapolisi bayo ari abanyamwuga

Anne Rwigara yagize ati: “Icegeranyo c’igipolisi cari cuzuye ibinyoma, kuko twebwe twishikiye aho ari.

“Kandi umuvyeyi wacu ntiyishwe n’impanuka, yishwe n’abamuteye ivyuma canke imihoro mu mutwe, nk’uko vyemejwe n’ibipimo vy’abaganga, autopsy.

“Twituye umukuru w’igihugu kuko niwe twibaza ko yoturenganura tukamenya abahitanye umuvyeyi wacu”.

Impanuka niyo yamuhitanye

Abajejwe umutekano mu Rwanda ariko bavuga ko ibimenyetso bihari vyerekana ko bwana Assinapol Rwigara yahitanywe n’impanuka.

Umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu, Musa Fazil, yabwiye BBC ko mu gihe uwo muryango woba hari ibimenyetso ufise ko yishwe, wobitanga.

Ngo kuvuga ko yishwe ntibihushanye n’abapfisha umuntu bakavuga ko ari ibitega vyamuhitanye.

Yavuze kandi ko bwana Rwigara yajanywe ku bitaro vy’igipolisi biri Kacyiru, ngo kuko ariho hari uburyo bwo gupima icishe umuntu.

Yongeyeko yuko abapolisi b’u Rwanda ari abanyamwuga, ngo ntibashobora gukora nk’uko umuryango wa Rwigara ubivuga. End

Inkuru ya BBC BBC/umuryango wa Rwigara uremeza ko wishwe

Related articles:

1. Umuryango wa Rwigara urakemanga urupfu rwe wandikiye perezida Kagame

2.http://imirasire.com/amakuru-yose/amakuru-mashya/mu-rwanda/article/umuryango-wa-rwigara-assinapol-wandikiye-perezida-kagame-usaba-ko-hakorwa-iperereza-ku-rupfu-rwe

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s